Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:40
30 Referans Kwoze  

Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.


Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze,


None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.


Ewe Uhoraho, twemeye ibibi vyacu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza, kuko twagucumuyeko.


Nuko bashikiriye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, mu gihugu c’i Gileyadi, barababgira,


bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;


ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


Uhoraho we, ni witegereze, kuko ndi mu magorwa; amara yanje aradobangana; Umutima wanje urandida mu nda; kuko nagararije birengereje: Hanze inkota iraririka, no mu nzu na ho har’ urupfu.


Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite