4 nuko nanje nzogenda mbarekurira imvura mu bihe vyayo, n’ igihugu kizogenda cimbuka ivyimburo vyaco, n’ibiti vyo mu ndimiro bizokwama bitengengere.
Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.
Isi irimbuka ivyimburo vyayo; Imana, ni yo Mana yacu, izoduha umugisha.
Nzokikimvya ivyama ku biti biribga, n’uburumbuke mu mirima, kugira ngo mwoye gusubira kuba igitutsi mu mahanga c’uko muhoramw’ inzara.
Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.
Ni yo irekurira imvura kw isi, Igakwiza amazi mu ndimiro;
Uhoraho azobugururira ijuru, ari ryo bubīko bgiwe buninahaye, ngw ahe igihugu canyu imvura mu gihe cayo, ahezagire n’ibikorwa vyanyu vyose; amahanga menshi azoza kubagurāna, ariko mweho ntimuzoja kuyagurāna.
igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.
Mu mwaka ugira gatandatu nzobarungikira umugisha utuma haba uburumbuke bg’indya zizobatunga imyaka itatu.
Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.
kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.
Kand’ Uhoraho azogaba ivyiza: Igihugu cacu kizokwimbuka ivyimburo vyaco.
Mana, warekuriye ishamvu yawe imvura y’ubuntu: Wahashubijemw’ intege hamwe hari harushe.
Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.
Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.
Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.
kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.
Imisozi uyirekurirakw imvura ivuye ku nsenge zawe, Isi ihāzwa n’ibivuye mu bikorwa vyawe.
Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.
Kand’ ico gihugu kizokwimbuka, muzokwama mu gahimbo, mube muri co amahoro.
Maze ni mwagira umwete wo kwumvira ivyagezwe mbagera uyu musi, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukamukorera mubiherejekw imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,
Imana izoduha umugisha; Kand’ abo ku mpera zose z’isi bazoyubaha.
Ukugororoka kuzomwitangira imbere, Kandi kuzoca mu makanda y’ibirenge vyiwe.
Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye.