Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Amasigarira yo muri mwebge bazogenda bashirira umunywera mu gihugu c’abansi banyu kubg’ ibigabitanyo vyabo; kandi n’ibigabitanyo vya ba sekuruza bizotuma bagenda bashira umunywera nka bo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:39
30 Referans Kwoze  

uko ni ko bazokena ivyo kurya n’amazi, bazazanirwe iyo bava bakagera, bashire umunywera kubg’ ibigabitanyo vyabo.


Nuko rero, mwana w’umuntu, ubarire ab’ inzu ya Isirayeli, uti Musigaye muvuga, mut’ Ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu biri ku mitwe yacu, kandi duhondobereye muri vyo: none twoshobora dute kubaho?


Ibitambara vyanyu bizoba biri mu mitwe yanyu, n’inkweto muzoba muzambaye: ntimuzoboroga canke ngo murire; ariko muzoshira umunywera kubg’ ibigabitanyo vyanyu, mucurire umunihiro hamwe.


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Kandi mur’ ayo mahanga nta mahoro muzohabonera; ntimuzogira uburagamo bg’aho mushinga ikirenge; Uhoraho azobaha kwamana imitima ihagaze, no guhwera mu kajisho, no kugenda muhondobēra mu mitima.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Nzobabiba mu mahanga, kandi bazonyibuka bari mu bihugu vya kure; bazorera abana babo, kandi bazogaruka.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


Aho ni ho muzokwibukira ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu vyose, ivyo mwihumanishije; nuko muzokwiyanka kubg’ ivyaha vyanyu vyose mwakoze.


Yamara muravuga ng’ Umwana n’iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se? Ereg’ umwana ni yakora ibitunganye n’ibikwiye, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, akabishitsa, ntazobura kubaho.


Abicwa n’inkota ni bo bapfa rwiza kuruta abicwa n’ inzara; Kukw abo bo bagenda bashirira hejuru, bakicwa no kubura utwo bokweza mu mirima.


Mur’ iyo misi ntibazoba bakivuga, ngo Ba se barya inzabibu z’ibitumbge, amenyo y’abana akajiginyurwa.


Kandi muzonyambaza, muzoza munsenge, nanje nzobumva.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.


Igihe ivyo vyose bizoba vyabashitseko, ivy’ umugisha n’umuvumo nabashize imbere, mukavyibukira iyo muri mu mahanga yose ah’ Uhoraho Imana yanyu azoba yarabirukaniye,


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’Imana ifūha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


ut’ Uhoraho nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.


nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.


Ni mwitegure gutōtōra abana biwe kubg’ ukugabitanya kwa ba sekuruza; boye kuvyuka ngo bakevye isi, buzuze isi yose ibisagara.


Twumvise indirimbo zituruka ku mpera y’isi, zit’ Icubahiro kibe ic’ umugororotsi. Maze nca ndavuga, nti Ndageranywe, ndageranywe! Mbonye ibara! Abaryarukanyi bararyarukanye, mber’ abaryarukanyi bararyarukanye rwose.


Abayuda bajanywe ar’ inyagano, bitewe n’agahahazo no kuja mu buja bukomeye; Baba mu banyamahanga, ntibahabona uburuhukiro: Ababadendereza bose bābahambirije ahantu h’inkōnywa.


Nk’uk’ Uhoraho agenda arandura amahanga imbere yanyu, ni ko namwe muzoranduka, kuko muzoba mwanse kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


mut’ Uhoraho agize ngw Azotēza ivyago aha hantu, bo n’abahaba, ngo Ni yo mivumo yose yanditswe mur’ ico gitabo bagusomeye, wewe nyene umwami w’i Buyuda;


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite