37 Bazogwanako nk’abahunga inkota, ata kibirukanye; mbere ntimuzoshobora guhagarara abansi banyu imbere.
Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.
Kuko naho mwotikiza ingabo zose z’Abakaludaya babarwanya, hagasigaramw’ abakomeretse basa, na ho nyene bova hasi, umuntu wese aho yar’ ari mw ihema ryiwe, bagatongoza iki gisagara umuriro.
Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
Nuko bakomeza kuvuza za nzamba ukw ar’ amajana atatu, maz’ Uhoraho atuma Abamidiyani basubiranamwo, bazibagurana inkota mu ngabo zose; maz’ ingabo zisigaye zirahunga, zirinda zishika i Betishita ku nzira ija i Zerera, zishika no ku rubibe rw’i Abeli‐mehola ahahereranye n’i Tabati.
Sigaho kudūga, kuk’ Uhoraho atari muri mwebge, ntimuhave mutsindwa n’abansi banyu.
Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.
None rero ni mwumve ivyo mvuze jewe Uhoraho: Ehe ngira nshire ibitsitaza imbere y’ubu bgoko: abavyeyi n’abana babo bazobitsitarirakw icarimwe; ababanyi na bagenzi babo bazoranduka.
Yatumye benshi batsitara, mbere bātsitaranyeko: bati Ngo tuvyuke twisubirire mu b’i wacu, no mu gihugu twavukiyemwo, duhunge inkota iririka.
uwisuka mu rugamba ari kw ifarasi, inkota ziravya indimi, amacumu aca ibibatsi, abishwe n’indiri, har’ ibirundo vy’imirambararo, imivyimba ntiyoharūrika, ingabo zitsitara ku mivyimba yabo!
Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.