Barabahāniranwa, bati Ni mwīgireyo, mwa bihumane mwe! Ni mwīgireyo, ni mwīgireyo, ntimugire ico mukorako! Igihe bāhunga bayerera, abantu bo mu mahanga baravuga, bati Ntibabe bakiba hano.
Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.
Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;
Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.