Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:33
34 Referans Kwoze  

ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


Nongeye kumanika ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu,


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


Nzogushwiragiriza mu mahanga, ngusābagirize mu bihugu; kandi nzokumaramw’ ubuhumane bgawe.


Wadutanze nk’intama z’imbāgwa, Wadushwiragirije mu mahanga.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Barabahāniranwa, bati Ni mwīgireyo, mwa bihumane mwe! Ni mwīgireyo, ni mwīgireyo, ntimugire ico mukorako! Igihe bāhunga bayerera, abantu bo mu mahanga baravuga, bati Ntibabe bakiba hano.


Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.


Abayuda bajanywe ar’ inyagano, bitewe n’agahahazo no kuja mu buja bukomeye; Baba mu banyamahanga, ntibahabona uburuhukiro: Ababadendereza bose bābahambirije ahantu h’inkōnywa.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Ariko ni mwanta, ntimwitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje nabashize imbere, mukaja gusaba izindi mana, mukaba ari zo musenga,


Ni wibuke ijambo wabariye umusavyi wawe Mose, uti Ni mwandyaruka nzobashwiragiriza mu mahanga;


Kandi kw azotsinda uruvyaro rwabo mu mahanga, Akarushwiragiriza mu bihugu.


Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Nuko rero nzobashwiragiza, nk’ibishingwe bitwawe n’umuyaga wo mu bugaragwa.


Kandi nzobagira akabarore mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, kubga Manase mwene Hezekiya, umwami w’i Buyuda, kubg’ ivyo yakoreye i Yerusalemu.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.


Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.


Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;


Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho, n’ingoro y’umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu; mber’ inzu yose ikomeye ayitongoza umuriro.


Barambgira, bat’ Abāri barasigaye mur’ ico gihugu batājanywe ar’ inyagano bari n’amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand’ inzitiro z’ amabuye z’i Yerusalemu zarasenyutse, n’amarembo yaho yarahiye.


Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Ugura abantu bawe ubusa, Kand’ ibiguzi vyabo ntiwabironsemw’ inyungu.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Igitsure c’Uhoraho carabashwiragije; ntagisubira kubashirak’ umutima: Na bo ntibubashe abaherezi, ntibāsoneye abatāma.


Kand’ ibisagara vyuzuyemw’ abantu bizocika ibitongozi, igihugu na co gihinduke imisaka; namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite