Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:28
16 Referans Kwoze  

Azobasubiriza mu nkōko ibihwanye n’ ivyo bakoze; abarwanizi biwe abasubize uburake, n’abansi biwe abīhōre, kandi n’ababa ku kiyaga azobasubiza inyishu.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Maz’ uzoba igitutsi n’agatwengo n’akabarore n’akajoreza mu mahanga agukikije, ni nagucirakw iteka mfise uburake n’ubushangashirwe, nguhambariranye ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze;


Uko ni ko nzoba nimaze ishavu, n’ubushangashirwe nabagiriye nzoba ndabutuye, kandi nzoba nshizwe: nuko bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nabivuganye agatsi, ni naheza kwimara uburake mbafitiye.


Kandi nanje ubganje nzobarwanya, mbarwanishe ukuboko kubānguye n’ukuboko kw’inkomezi, ndi n’ishavu n’ubushangashirwe n’uburake bg’inkazi.


Kuk’ Uhoraho azozanana n’ umuriro, kand’ imikogote yiwe izoba imeze nk’agashururu; kugira ngo yīmarishe ishavu uburake bg’inkazi, abahanishe imbeya z’ umuriro.


Nīganishije mu bgato nd’umwe; mu bantu bo mu mahanga yose nta n’umwe twari kumwe; n’ukuri nabaganishije ibirenge mu burake bganje, mbanyukuza ubushangashirwe bganje; kand’ amaraso yabo yatarukiye ku myambaro yanje, impuzu zanje zose zirayoberana.


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Uhoraho n’Imana ifūha kandi ni we ahōra; Uhoraho arahōra kandi yuzuye uburake; Uhoraho yihōra abarwanizi biwe, kand’ abansi biwe ababīkira uburake.


Nta burake mfise. Iyaba imikere n’ amahwa vyari bimpagurukiye kuntera, nobirwanije nkabiyigiriza hamwe:


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;


ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;


Kand’ ababanyi bacu, ibitutsi bāgututse Mwami Ubibasubirize mu nkōko ibihetangabo ndwi.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Uhoraho yashikije ubushangashirwe bgiwe, yarekuye uburake bgiwe bg’inkazi; Kandi yadometse umuriro muri Siyoni, utongora n’ amatanguriro yaho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite