27 Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.
Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.
Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
Nuko duteka umwana wanje, turamurya; bukeye bg’aho ndamubarira, nti Zana umwana wawe tumurye; none yagiye kumunyegeza.
Nk’uk’ Uhoraho agenda arandura amahanga imbere yanyu, ni ko namwe muzoranduka, kuko muzoba mwanse kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.