26 Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.
Arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, ehe ngira mvune inkoni ab’ i Yerusalemu bishimikije, ari wo mutsima; kandi bazosigara barya umutsima ku rugero, bahagaritse umutima; n’amazi bazoyanywa ku rugero bihebuye: