Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nzocobogoza ubushobozi bganyu mwihaya, mpindure ijuru ryo hejuru yanyu nk’icuma, n’isi yanyu nk’umuringa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:19
20 Referans Kwoze  

Ijuru ryo hejuru yanyu rizomera nk’umuringa, n’isi muhagazeko ibe nk’icuma.


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Ariko ndababgire ukuri, Hārih’ abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose;


Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abahagarikiye Egiputa na bo bazogwa, kand’ ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzocishwa bugufi; bazogwa bariritswe n’inkota, uhereye i Migidoli ugashitsa i Sevene, ni k’Umwami Uhoraho agize.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Uko ni ko nzokwonona amanyama y’ Ubuyuda n’amanyama akomeye y’i Yerusalemu.


Kandi hazosānza amaboko hagati muri co, nk’uk’ uwoga asānza amaboko ngo yoge: arikw azotsindagira hasi ubgibone bgaho, bo n’ubugunge bg’amaboko yaho.


Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.


Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.


Kuko yashubije hasi ababa ahantu ho hejuru mu gisagara cishira hejuru; agitsinda hasi, agitsinda hasi akagishitsa mw ivu, mber’ agishitsa no mu mukungugu.


Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.


Maz’ ingabo zishitse mu nsago, abakuru bo mu Bisirayeli barabazanya, bati N’iki gitumye Uhoraho yemera ko tuneshwa uyu musi n’Abafilisitiya? Enda ni muze tuje kuzana isandugu y’isezerano ry’Uhoraho tuyikūre i Shilo, tuyizane hano, kugira ngo ni yashika muri twebge idutabare ububasha bg’abansi bacu.


Kand’ ijuru ni ryakingwa, imvura ntikoroke, kuko bāgucumuyeko; ni basenga batumbereye aha hantu, bakātura izina ryawe, bagahindukira bakareka icaha cabo, kuko wabahannye;


Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


uburake bg’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngw imvura ntigwe, isi ntibe ikimerakw ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho abahaye.


Kand’ igihugu nzogihindura imisaka n’akajoreza, ubgibone buterwa n’ububasha bgaho buzoherengetera; kand’ imisozi y’i Bgisirayeli izosigara ar’ imisaka, bitume ata wuzoba akihaca.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite