Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:17
30 Referans Kwoze  

Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Aho nyene bahacikiye umuhongo, ata kiwubaciye, Kukw Imana yakwiragije amagufa y’uwashagarije kugutera: Warabatetereje, kukw Imana yabahinyuye.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Abarwanizi baho bahagiye hejuru, abansi baho bararoraniwe; Kuk’ Uhoraho yahababaje ahahōye ibicumuro vyaho vy’isinzi: Abana baho bashorewe ar’ inyagano imbere y’abarwanizi.


Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.


Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.


Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.


Nuko mu bantu havamwo nk’ibihumbi bitatu, badūgayo: arikw abantu b’i Hayi barabirukana.


Kand’ abantu bawe b’Abisirayeli ni baneshwa n’abansi, bazize ko bagucumuyeko, hanyuma bakaguhindukirira, bakātura izina ryawe, bagasenga bakwingingira mur’ iyi ngoro;


Watumye abansi bacu badukimiranya, Abatwanka baratwinyagira.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.


Kandi nzobatungīra igitsure; bazova mu muriro basubire mu wundi ubatongore; kandi namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, abo ni nabatungīra igitsure.


Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko ya Kushani‐rishatayimu umwami w’i Aramu‐naharayimu; Abisirayeli baganzwa na Kushani‐rishatayimu imyaka munani.


Nukw Abisirayeli baganzwa na Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka cumi n’ umunani.


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akāma abagabura mu maboko ya Hazayeli umwami w’i Siriya, no mu ya Beni‐hadadi mwene Hazayeli nyene.


Kuk’ umwami w’i Siriya ata co yasigarije Yehowahazi mu ngabo, atar’ abagendera ku mafarasi mirongwitanu, n’imikogote cumi, n’ abagendesha amaguru ibihumbi cumi; abandi yari yarabaranduye, abahindura nk’umukungugu wo ku mbuga.


Icompa agakiza k’Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni! Imana ni yasubizay’ abantu bayo bājanywe ar’ inyagano, Ni ho aba Yakobo bazovuza impundu, Abisirayeli bakanezerwa.


Abantu igihumbi bazokwirukanwa n’akāyaga k’umuntu umwe; akāyaga ka batanu kazotuma muhunga: gushitsa aho muzosigara mumeze nk’igiti kirekire gishinze ku mpinga y’umusozi, canke nk’ibendera ishinze ku gasozi.


Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Yamufōreye umuheto nk’ umwansi, yahagaze abanguye ukuboko kw’i buryo nk’umurwanizi, Yishe abanyagikundiro bose: Yasutse ubushangashirwe bgiwe mw ihema ry’umukobga w’i Siyoni nk’umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite