Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kandi ni mwagaya amabgirizwa yanje, mukazinukwa ivyo nashinze, bigatuma mutitondera ivyagezwe vyanje vyose, mukica isezerano ryanje;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:15
27 Referans Kwoze  

Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Kuk’ ukw ari k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzokugirira nk’uko nawe wagize, wakēngereye indahiro wica isezerano.


Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza.


Kand’ isi ihumanijwe n’abayibamwo; kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw ibgirizwa, bakica isezerano ry’ intahava.


Kukw azoba yakengereye ijambo ryanje, akarenga icagezwe canje, uwo muntu az’ acibge ruhebga, agībgeko n’ukugabitanya kwiwe.


Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, Kuko batāgumye mw isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, nah’ umuntu yokibasobanurira.


ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Ukavuga, ut’ Ewe ngo ndanka guhanūrwa, N’umutima wanje ugakēngēra guhanwa;


Bakanka inama zanje, Bagakēngēra ukwihanikiriza kwanje kwose;


Kwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ukumenya: Arikw ibipfu bikēngēra ubgenge n’inyigisho.


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


Mber’ ico gihugu bazoba barakivuyemwo, gishumbushwe ya masabato yaco, gisigare ar’ imisaka batakikibamwo; na bo bazoba barīmbūtse, bemeye yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo, kuko banse ivyagezwe vyanje, bakazinukwa amabgirizwa yanje.


Araheza yābīra igitabo c’isezerano, agisomera abantu; baramubarira, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora, kandi tuzomwumvira.


Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;


Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.


Nzokwama mbashizek’ umutima, mbarōndōre, mbagwize, nkomeze isezerano ryanje namwe.


Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.


Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite