Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 26:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 26:12
33 Referans Kwoze  

Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.


arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.


iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Bantu banje ni mwumve, nanje ndavuga, Wa bgoko bga Isirayeli, ndashinga intahe: Ni jewe ubganje Mana, Imana yawe.


Ibisagara vyari vyarahomvotse bizokwuzuramw’ abantu nk’imikuku, bameze nk’imikuku y’ibimazi vyo gutangirwa i Yerusalemu mu misi mikuru yashinzwe: maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.


Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone.


iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.


Kandi Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye.


Henoki amaze kuvyara Metusela agendana n’Imana imyaka amajana atatu, ayivyaramw’ abahungu n’abakobga.


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.


ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati.


Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?


Na bo bazomenya yuko nd’Uhoraho Imana yabo, yabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo nze mbe hagati muri bo: ni jewe Uhoraho Imana yabo.


Ni hagira umugurano acika, ahunze shebuja, agahungira muri mwebge, ntimuze mumumuhe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite