Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 25:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 25:8
7 Referans Kwoze  

Kandi muze muharūre imisi, muhereye kur’ uwo musi nyene ukurikira isabato, ari wo musi mwazaniyeko umukama w’ishikanwa ryo kuzunguzwa, habe amasabato ndwi yiramvuriye.


Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.


kandi n’ibiragirano vyanyu n’ibikōko vyo mu gihugu canyu, ivyimeza vyaco vyose bizobibera ivyo kurya.


Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Maz’ umwaka wa yubile y’Abisirayeli ni washika, ishamvu yabo izoshirwa kw ishamvu y’umuryango bazoba baragiyemwo; nukw ishamvu yabo izoba ikūwe kw ishamvu y’umuryango wa ba sogokuruza.


Banezererwa izina ryawe umusi ukīra: Kand’ ukugororoka kwawe ni kwo kubashirisha hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite