Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 25:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mugabo, ivyo mu gihugu vyapfuye kwimeza mur’ ico gihe c’isabato yaco ni vyo bizoba ivyo kurya vyanyu, mwe n’abagurano banyu, n’abaguranokazi banyu, n’ abakozi banyu b’abacangero, n’ abanyamahanga baba muri mwebge;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 25:6
9 Referans Kwoze  

Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira.


Abizeye bose bāba hamwe, basangira ivyabo vyose:


Ariko ni mwavuga, muti Tuzotungwa n’iki mur’ uwo mwaka ugira indwi, ko tutazorima, ntitwimbure?


arik’ umwaka ugira indwi muzireke zirāre, zibe imisito, kugira ngw abakene bo mu bgoko bganyu barye ivyimeza, maz’ uduhūmbga basize turibge n’ibikōko vyo ku misozi. N’uruzabibu rwanyu n’ibiti vyanyu vy’imyelayo abe ari ko muzobigenza.


Ivyimeza bikurikiye ivyo mwimbuye ntimuze muvyimburire mu bigega, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu yanyu idatūtūriye: uwo mwaka uz’ ubere igihugu uwo kuruhuka bihebuje.


kandi n’ibiragirano vyanyu n’ibikōko vyo mu gihugu canyu, ivyimeza vyaco vyose bizobibera ivyo kurya.


Mu mwaka ugira gatandatu nzobarungikira umugisha utuma haba uburumbuke bg’indya zizobatunga imyaka itatu.


Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite