Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 25:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Muze murobanure uwo mwaka ugira mirongwitanu, mutāngāze mu gihugu cose ko habaye umwidegemvyo w’ abantu bose bo muri co: uwo mwaka uz’ ubabere uwa yubile; umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw itongo ryiwe, kand’ umuntu wese agaruke mu b’i wabo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 25:10
30 Referans Kwoze  

Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe umwami Zedekiya yar’ amaze gusezerana isezerano n’abantu bose b’i Yerusalemu, ryo gutanga umwidegemvyo;


Kuko nari narashinze mu mutima umusi wo kwīhōra, kand’ umwaka wo gucungura abantu banje urashitse.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Mur’ uwo mwaka wa yubile umuntu wese muri mwebge az’ agaruke mw itongo ryiwe.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo.


Arik’ uwo Mwami ni we Mpwemu: kand’ aho Mpwemu w’Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo.


Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba,


Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe;


Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.


Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe n’ibane na we, adūge i Yerusalemu mu Buyuda, yubake ingoro y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, ari yo Mana iba i Yerusalemu.


Uwo mwaka ugira mirongwitanu uze wame ubabera uwa yubile; ntimuze muwurimemwo, canke ngo mwimburire mu bigega ivyimejeje muri wo, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu itātūtūriye.


Kandi ni hatagira ikimucungura mur’ ivyo, azomuvako mu mwaka wa yubile, bo n’abana biwe.


Ariko ni yaramuka akebeye umwe mu basavyi biwe kw ishamvu yiwe, hazoba ahiwe gushitsa kuri wa mwaka w’umwidegemvyo; ico gihe haze hasubizwe segaba; arikw ishamvu azoba yahaye abana biwe izoba iyabo bgite.


Ni ho azobona kumuvako, bo n’abana biwe, asubire mu b’i wabo bgite, mw ishamvu ya ba sekuruza;


Nukw abaganwa bose n’ abantu bose baramwumvira, abāri basezeranye iryo sezerano ry’uk’ umuntu wese akwiye kurekura umuja wiwe, ar’ uwitwa umuhungu cank’ umukobga, abe uwidegemvya, ngo hoye kuba ūkibagaba; baramwumvira, barabarekura;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite