Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 24:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 24:9
17 Referans Kwoze  

Maze Mose abarira Aroni n’abana biwe, ati Muteke za nyama ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro; abe ari ho muzirīra, hamwe na ya mitsima iri mu ndumane yo kubinjiza mw ibango; nk’uko navuze, nti Aroni n’abana biwe babe ari bo babirya.


ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akābīra imitsima y’ibiterekērwa, akayirya, akayihako n’abari kumwe na we, ar’ umuziro kurībga, ukūye abaherezi bonyene?


Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?


ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akarya imitsima y’ibiterekērwa, yar’ umuziro kuri we no ku bāri kumwe na we, ukūye abaherezi bonyene?


ati Mwabujijwe n’iki kurya ca kimazi catangiwe ivyaha, ngo muteko mukirīre ahantu hēra, kand’ ar’ icera cane, ar’ ico Uhoraho yabahaye ngo gitume mwishirakw ibigabitanyo vy’ikoraniro, ngo murihongerere imbere yiwe?


Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra.


Nuk’ uwo muherezi amuha imitsima yejejwe, kukw ata yindi yariho atar’ iy’ ibiterekērwa, iyo bāhora bakūra imbere y’Uhoraho, bagasubizah’ iyigishūshe ku musi bayikūyeho.


Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


uheze ukoranirize ikoraniro ryose ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Umuhungu w’Umwisirayelikazi yavyaranye n’Umunyegiputa arasohoka, aja mu Bisirayeli; atonganira mu nsago n’umuntu w’ Umwisirayeli.


Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye.


Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite