Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 24:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ukw isabato itashe, Aroni az’ ayitereke imbere yanje na ntaryo kubg’ Abisirayeli, bibe isezerano ritazoshira.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 24:8
9 Referans Kwoze  

Uti Non’ agira ngo yubake ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, ut’ Az’ aheze ayimushikirize, uti Kugira ngo haboneke aho kumwosereza imibavu y’ibintu bimoga, n’aho gutereka imitsima y’ibiterekērwa, n’aho kwosereza ibimazi vyo mu gitondo no ku mugoroba, n’ivyo ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe y’Uhoraho Imana yabo; uti Kukw ivyo ar’ icagezwe c’intahava ku Bisirayeli.


Kand’ ameza y’imitsima y’ibiterekērwa bayarenzekw impuzu y’isufe, bagereke hejuru amasahani n’udukombe n’amakarabo n’amabakure yo gusukisha ibiturire ku gicaniro; na ya mitsima y’intahava na yo igerekweko;


Kandi bamwe muri bagenzi babo b’aba Kohati ni bo bāri bajejwe ivy’ imitsima y’ibiterekerwa, bakāma bayīteguye ukw isabato itashe.


kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.


no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;


Uz’ utereke kur’ ayo meza imitsima y’ibiterekērwa, yame imbere yanje na ntaryo.


Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.


Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite