Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 24:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi wābīre ifu igogōretse, uyicumbemw’ imitsima cumi n’ ibiri: mu bigiracumi bibiri vy’ ingero yitwa efa havemw’ umutsima umwe‐umwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 24:5
18 Referans Kwoze  

Uz’ utereke kur’ ayo meza imitsima y’ibiterekērwa, yame imbere yanje na ntaryo.


Ayaterekako ya mitsima imbere y’Uhoraho, nk’uk Uhoraho yari yaramubariye.


Araheza yābīra amabuye cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo kingana, ari we nyene ijambo ry’Uhoraho ryajeko, riti Isirayeli ni ryo ribaye izina ryawe.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akarya imitsima y’ibiterekērwa, yar’ umuziro kuri we no ku bāri kumwe na we, ukūye abaherezi bonyene?


Kuko hār’ ihema ryiteguwe, mu ryo hino hārimw’ igiterekwakw amatara, n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo: iryo ryitwa Ahēra.


n’ameza, n’ ibintu vyayo vyose, n’imitsima y’ibiterekerwa;


Kand’ ameza y’imitsima y’ibiterekērwa bayarenzekw impuzu y’isufe, bagereke hejuru amasahani n’udukombe n’amakarabo n’amabakure yo gusukisha ibiturire ku gicaniro; na ya mitsima y’intahava na yo igerekweko;


Nuk’ uwo muherezi amuha imitsima yejejwe, kukw ata yindi yariho atar’ iy’ ibiterekērwa, iyo bāhora bakūra imbere y’Uhoraho, bagasubizah’ iyigishūshe ku musi bayikūyeho.


Kandi bamwe muri bagenzi babo b’aba Kohati ni bo bāri bajejwe ivy’ imitsima y’ibiterekerwa, bakāma bayīteguye ukw isabato itashe.


no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;


Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.


kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.


Maze winjizemwo ya meza, uyaterekekw ibintu vyayo, ubiroranye; winjize na ca gitereko c’amatara, ugishirekw amatara yaco;


Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.


Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite