Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 24:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Muze mugire icagezwe kimwe ku munyamahanga ar’i wanyu no ku mvukira: kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 24:22
8 Referans Kwoze  

Icagezwe ni kimwe ku mvukira no ku munyamahanga yaje kuba muri mwebge.


Umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, akagomba kuja mu vya Pasika yanje, jewe Uhoraho, az’ agenze nk’ukw ibgirizwa ry’ ivya Pasika rimeze, bo n’imigenzo yayo: muze mugire ibgirizwa rimwe ku munyamahanga no ku mvukira.


Muze mugire icagezwe kimwe ku muntu icaha caguyeko, ar’ Umwisirayeli w’imvukira cank’ umunyamahanga ababamwo.


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Nuko Mose abarira Abisirayeli, bajana uwatukanye inyuma y’aho bashagaje, bamwicisha amabuye. Abisirayeli bakora nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Kandi mur’ ico gihe nihanikirije abacamanza banyu, nti Ni mwumvirize imanza za bene wanyu, mucire urw’ ukuri umuntu na mugenzi we, cank’ umuntu avuganye n’umunyamahanga aba i we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite