Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 24:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 24:16
19 Referans Kwoze  

Kubg’ ivyo ndababgira yukw icaha cose n’ukurogota, abantu bazobiharirwa; ariko kurogota kuri Mpwemu n’icaha kitazoharirwa.


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


mugira ngw iki? Na bo baramwishura, bat’ Akwiye gupfa.


Bakuvugana icīra bacumura, Abansi bawe bavugira ubusa izina ryawe.


Ibuka ibi: yukw abansi bakwinantajeko, Uhoraho; Ihanga ritagira ubgenge ryarogose kw izina ryawe.


Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


Murīyumviye ingen’ arogose: mugira ngw iki? Bose bamucira urubanza ngw akwiye gupfa.


Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.


bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite