ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.
Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.