Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Kandi kur’ uwo musi w’intangamarāra muze mwābīre ku vyiza‐vyiza vyamye ku biti, n’amashami y’ibigazi, n’amashami y’ibiti bitwaye intunda, n’ibiti vyameze i ruhande y’inzūzi; mumare imisi ndwi munezererewe imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:40
19 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.


bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.


Abenshi mw ishengero basasa impuzu zabo mu nzira, abandi baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira.


Abācunguwe n’ Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’ umunezero, kand’ umubabaro n’ ugusuhuza umutima bizohunga.


Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Munezeranwe n’i Yerusalemu, muhimbarwe kubgaho, yemwe abahakunda mwese; munezeranwe na ho akanyamuneza, yemwe abāharirira mwese:


Umugororotsi azototahara nk’ ikigazi, Azoshirwa hejuru nk’igiti c’ isederi c’i Lebanoni.


Nuko muhereye kur’ uwo musi ugira icumi na gatanu w’ ukwo kwezi kw’indwi, mumaze kwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu, muze mugire imisi mikuru ndwi yo kunyubaha: ku musi w’intangamarāra wayo hazoba kuruhuka kwo kwitonderwa, no ku musi ugira umunani haze habe kuruhuka kwo kwitonderwa nyene.


Uk’ umwaka utashe, muze muhore mugira iyo misi mikuru ndwi yo kunyubaha: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: muze mugire iyo misi mikuru mu kwezi kw’indwi.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Ku biti vyaho Ni ho twari tumanitse inanga zacu.


bazomera hagati mu vyatsi nk’ ibiti bimeze i ruhande y’inzūzi.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite