Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Nuko muhereye kur’ uwo musi ugira icumi na gatanu w’ ukwo kwezi kw’indwi, mumaze kwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu, muze mugire imisi mikuru ndwi yo kunyubaha: ku musi w’intangamarāra wayo hazoba kuruhuka kwo kwitonderwa, no ku musi ugira umunani haze habe kuruhuka kwo kwitonderwa nyene.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:39
7 Referans Kwoze  

Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.


Muze mugire imisi mikuru y’insāgo kumara imisi ndwi, ni mwaheza kubīka imihūre mwāhūriye ku mbuga, no kwengūra vino zo mu mato yanyu.


ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro; umusi ugira umunani muze muwugire uwo gukorana kwera: muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro: rize ribe ikoraniro ry’agahebūza; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


ati Barira Abisirayeli, uti Mu kwezi kw’indwi, umusi wakwo wa mbere uz’ ubabere umusi wo kuruhuka bihebuje, ube uwo kubibutsa, muwutāngāze mu kuvuza inzamba, ube uwo gukorana kwera.


kand’ ivyo ntibikwiye kubabuza kwitondera amasabato yanje, canke gushikana amashikanwa yanyu, canke gushikana ayo gushitsa amasezerano yose mwasezeranye, canke kunshikanira ivyo mutanze vyose muvyigombeye.


Kandi kur’ uwo musi w’intangamarāra muze mwābīre ku vyiza‐vyiza vyamye ku biti, n’amashami y’ibigazi, n’amashami y’ibiti bitwaye intunda, n’ibiti vyameze i ruhande y’inzūzi; mumare imisi ndwi munezererewe imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite