Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro; umusi ugira umunani muze muwugire uwo gukorana kwera: muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro: rize ribe ikoraniro ry’agahebūza; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:36
8 Referans Kwoze  

Kandi Ezira abasomera igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’ umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza,


Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.


Imitsima itambiwe iz’ ibe ari yo murya kumara imisi itandatu; maze ku wugira indwi muze mugire ikoraniro ry’agahebuza, mushengereye Uhoraho Imana yanyu; ntihaze hagire igikorwa muwukorako.


Ku musi w’intangamarāra wayo muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite