Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:34
20 Referans Kwoze  

Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika.


Baraheza basanga ko mur’ ivyo vyagezwe Uhoraho yahaye Mose handitswe ko mu kwezi kw’indwi Abisirayeli bazokwama bagira imisi mikuru yo kurāra mu nsāgo,


Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;


Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho.


Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.


Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’ iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe.


Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi.


Uhoraho abarira Mose,


Muze mumare iyo misi ndwi muri mu nsago; Abisirayeli b’imvukira bose baze bayimare bari mu nsago;


kugira ngw ab’ urunganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana, bamenye yuko nabesheje Abisirayeli mu nsago, hamwe nabakūra mu gihugu ca Egiputa; nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Arabagera, at’ Uk’ umwaka wose ugira indwi utashe, mu gihe cashinzwe c’umwaka wo guheberanira, mu misi mikuru y’insago,


Nukw abagabo bose b’Abisirayeli bakoranira i bgami kwa Salomo, mu kwezi kwa Etanimu, ari kwo kwezi kw’indwi, ngo bagire imisi mikuru.


Uko ni ko Salomo yagize imisi mikuru ico gihe, hamwe n’Abisirayeli bose, bār’ ikoraniro rinini bavuye mu gihugu cose, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku mugezi wa Egiputa; bamara imisi ndwi, baraheza basubira iyindi ndwi, yose na yose iba icumi n’ine, bar’ imbere y’Uhoraho Imana yacu.


Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.


Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, mu misi mikuru yakwo, abe ari kw azogenza kumara imisi ndwi; abigenze nk’uko yagenjeje ivy’ ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ivy’ ikimazi co kwoswa, n’ivy’ ishikanwa ry’amafu, n’ivy’ amavuta.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite