Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Uhoraho abarira Mose,

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:33
7 Referans Kwoze  

Uwo musi uz’ ubabere isabato yo kuruhuka bihebuje, muze muwibabazeko; muze mwitondere iyo sabato yanyu, muhereye ku mugoroba w’umusi ugira icenda w’ukwo kwezi, mushitse ku mugoroba wundi.


ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.


Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho.


Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.


Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, mu misi mikuru yakwo, abe ari kw azogenza kumara imisi ndwi; abigenze nk’uko yagenjeje ivy’ ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ivy’ ikimazi co kwoswa, n’ivy’ ishikanwa ry’amafu, n’ivy’ amavuta.


Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;


Maz’ umuntu wese wo mu masigarira yo mu mahanga yose yateye i Yerusalemu azodūga uk’ umwaka utashe gusenga Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo no kumara imisi mikuru y’insago.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite