30 Kandi ni hagira ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi, uwo muntu nzomurandura mu bgoko bgabo.
Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.
Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuk’ urusengero rw’Imana ar’ urwera, kand’ urwo rusengero ni mwebge.
Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.
Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.
Nabagosoje urutaro ku marembo y’igihugu; nabakūyekw ibibondo, mponnya abantu banje: ariko ntibāhindukira ngo bave mu nzira zabo mbi.
Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.
Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.