Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:29
14 Referans Kwoze  

Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.


ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese,


Uwo musi uz’ ubabere isabato yo kuruhuka bihebuje, muze muwibabazeko; muze mwitondere iyo sabato yanyu, muhereye ku mugoroba w’umusi ugira icenda w’ukwo kwezi, mushitse ku mugoroba wundi.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


at’ Umusi ugira icumi w’ukwo kwezi nye ne kw’indwi ni wo musi w’impongano: uz’ ubabere uwo gukorana kwera, muze mwame mwibabaza, kandi muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro.


Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.


Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.


Kandi ni hagira ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi, uwo muntu nzomurandura mu bgoko bgabo.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite