Abalewi 23:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)21 Kur’ uwo musi nyene muze mutāngāze kw ar’ umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana. Gade chapit la |
Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.