20 Umuherezi abizunguzanye na ya mitsima yo ku vyimburwa vy’umushuzo, bo na ba bana b’intama bompi, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje: bibe ivyera kuri jewe, bihabge umuherezi.
Kandi muze muhore mubaha ku vy’umushuzo, ku mpeke zanyu no kuri vino yanyu no ku mavuta yanyu ya elayo, n’ubgoya bg’ītanguye gukemurwa mu ntama zanyu.
Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya,
Mbega ko twababivyemw’ ivy’ impwemu, none n’ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy’umubiri?
zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.
Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.
Maze Mose yābīra inkoro, arayizunguza ngw ibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: uwo war’ umwanya wa Mose wo kur’ iyo mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
ivyo vyose ubishire ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ubizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.
Mutange n’isuguru y’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha, n’amasuguru abiri y’intama atarengeje umwaka, kw ikimazi c’ishimwe.
Kur’ uwo musi nyene muze mutāngāze kw ar’ umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.