Abalewi 23:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)19 Mutange n’isuguru y’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha, n’amasuguru abiri y’intama atarengeje umwaka, kw ikimazi c’ishimwe. Gade chapit la |
uti Namb’ ico caha kizoba gikozwe mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, ishengero ritabizi, ishengero ryose rize ritange ishuri y’umukangara kw ikimazi co kwoswa, kibe umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho, bagitangane n’ishikanwa bigendanye ry’ifu, n’iry’ ibiturire, nk’uko vyashinzwe, batange n’isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.
Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.