Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:18
8 Referans Kwoze  

Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe.


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Mutange n’isuguru y’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha, n’amasuguru abiri y’intama atarengeje umwaka, kw ikimazi c’ishimwe.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite