Abalewi 23:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho. Gade chapit la |
Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.