Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.
No ku musi wo kuzana ivyimburwa vy’umushuzo, igihe munshikanira ishikanwa ry’umushuzo, jewe Uhoraho, ku musi mukuru ukurikira amasabato ndwi, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.