Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 na we awuzungurize imbere yanje, kugira ng’ ubabere ishikanwa ryemerwa: ku musi ukurikira isabato abe ari wo umuherezi awuzunguzako.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:11
7 Referans Kwoze  

ivyo vyose ubishire ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ubizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.


Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.


izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.


Kaze kabe mu ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni az’ abe ari we arābgakw ibigabitanijwe mu vyera, ivyo Abisirayeli bazogenda batirimuka mu mashikanwa yabo yera bazotanga yose; kaze kame kaba mu ruhanga rwiwe na ntaryo, kugira ngo jewe Uhoraho mbone kwākīra amashikanwa yabo.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:


Ku musi muwujungujeko muze munshikanire n’isuguru y’intama itaramara umwaka kw ikimazi co kwoswa.


Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite