10 ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:
Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’ imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.
Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.
Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.
No ku musi wo kuzana ivyimburwa vy’umushuzo, igihe munshikanira ishikanwa ry’umushuzo, jewe Uhoraho, ku musi mukuru ukurikira amasabato ndwi, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.
Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.
Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.
ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe;
Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri.