Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 23:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:

Gade chapit la Kopi




Abalewi 23:10
22 Referans Kwoze  

Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’ imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.


Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Muze muharūre amasabato ndwi; muyaharūre muhereye igihe mutanguriye guha amahonda umuhoro.


No ku musi wo kuzana ivyimburwa vy’umushuzo, igihe munshikanira ishikanwa ry’umushuzo, jewe Uhoraho, ku musi mukuru ukurikira amasabato ndwi, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Indobanurwa z’imishuzo yose y’ivyimburwa vyose, bo n’ishikanwa mushikana ry’ikintu cose, bize bibe ivy’ abaherezi: kandi muze mucire umuherezi kw ifu yanyu y’umushuzo isewe iheretuwe, kugira ngw amazu yanyu ahoremw’ umugisha.


ati Barira Abisirayeli yuko, ni bamara gushika mu gihugu bagiye kubamwo, mbahaye,


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.


Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.


Ntimuze mutebagane kunshikanira ku vyo mwakikinyuye, ari ku vyo mwejeje, ari ku binyobga vyanyu. Imfura zanyu z’ abahungu muze muzimpe.


Kandi kw ifu y’umushuzo ar’ iyera, n’irobe ni ko rimeze; kandi kw igishitsi ar’ icera, n’amashami ni kw ameze.


Nukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bashika kuri Yorodani, maze bagishōrera ibirenge vyabo ah’amazi agarukira (kuko mu gihe c’iyimbura, Yorodani rwama rurenga inkombe zarwo),


ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe;


Uhoraho abarira Mose,


na we awuzungurize imbere yanje, kugira ng’ ubabere ishikanwa ryemerwa: ku musi ukurikira isabato abe ari wo umuherezi awuzunguzako.


Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite