Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Aroni n’abana biwe baze bitonde mu kwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikanira, boye gutukisha izina ryanje ryera: nd’ Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 22:2
16 Referans Kwoze  

Muze murobanurire Uhoraho Imana yanyu uburiza bgose bg’icitwa ishuri buvuka mu masho yanyu no mu mikuku yanyu: ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukoresha ic’ uburiza bgo mu masho yanyu, canke ngo mukēmūre ic’ uburiza bgo mu mikuku yanyu.


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.


Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,


Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Kaze kabe mu ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni az’ abe ari we arābgakw ibigabitanijwe mu vyera, ivyo Abisirayeli bazogenda batirimuka mu mashikanwa yabo yera bazotanga yose; kaze kame kaba mu ruhanga rwiwe na ntaryo, kugira ngo jewe Uhoraho mbone kwākīra amashikanwa yabo.


muze musobanurire Uhoraho icitwa ubuzibūra cose, n’ic’ uburiza co mu vyo mutunze: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose buzoba ubg’Uhoraho.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.


Uhoraho abarira Mose,


Ndababgira, nti Mwebge mur’ aberejwe Uhoraho, n’ibintu vy’ imbombovu na vyo nyene n’ ivyera, kand’ ayo mafeza n’amazahabu ni yo mashikanwa bashikaniye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza bivuye ku mitima.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Kandi ntimwarinze ivyera vyanje mwajejwe, arikw ahēra hanje mwahajeje abandi mu gishingo canyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite