15 Kand’ abaherezi ntibaze bahumanye ivyejejwe Abisirayeli banshikaniye,
Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.
kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.
Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.
bigatuma babacumuza, bikabazanira gutsindwa, iyo hagize abarya ku vyejejwe vyabo: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.
yambare Aroni n’ abana biwe, uko bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, cank’ uko bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere Ahēra; kugira ngo ntibagībgeko n’ibigabitanyo, bagapfa: ico kize kimubere icagezwe c’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe uko ruzogenda rukurikirana.