Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 21:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ umukobga w’umuherezi wese ni yiyononesha gusambana, azoba yambitse ibara se: az’ atabge mu muriro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 21:9
16 Referans Kwoze  

Hahise amezi nk’atatu, babarira Yuda, bati Tamari umukazana wawe yarasambanye, mber’ afise n’inda. Yuda arababgira, ati Ni mugende mumusohokane, mumute mu muriro.


Ntihaze hagire uwononesha umukobga wiwe kumutanga kuba maraya, kugira ngw igihugu coye kwisuka mu busambanyi, kikuzura ubushakanyi.


ar’ umuntu atabonekak’ umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ ibihumbu cank’ ibiganda.


Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.


mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.


Uko ni kw icaha c’abo basore cabaye igikomeye imbere y’Uhoraho, kuko bākēngēra ikimazi ciwe.


Maze Yosuwa aravuga, ati N’iki catumye udutēza amagorwa? Nawe uyu musi Uhoraho aragutera amagorwa. Maz’ Abisirayeli bose bamutera amabuye; babicisha amabuye, barabaturira.


Maz’ ūzofatanwa ivyagizwe inyegu yanje azoturiranwa n’ivyiwe vyose, kuko yishe isezerano ryanje, jewe Uhoraho, agakora ikizira mu Bisirayeli.


Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge.


Uti Nuko muze muziririze isabato, kukw ar’ iyera kuri mwebge; umuntu wese azoyizirūra ntaz’ abure kwicwa: mber’ uwogira ic’ akora cose kur’ uwo musi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite