Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 21:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 21:17
12 Referans Kwoze  

Hahirwa umuntu utoranya, ukamwiyegereza, Kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: Tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe, Vy’ahēra ho mu rusengero rwawe.


Abgira Kora n’abo bīfatanije bose, at’ Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana abiwe ab’ ari bo, n’uwera uw’ ari we, amwiyegereze: uwo azotoranya, ni we azokwiyegereza.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.


Uhoraho abarira Mose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite