Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 21:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 21:15
16 Referans Kwoze  

Kuk’ umugabo atizera yezwa kubg’ umugore wiwe, kand’ umugore atizera yezwa kubga mwene Data uyo. Iyo bitamera birtyo, abana banyu baba ar’ ibihumane, ariko noneho n’abera.


Kandi kw ifu y’umushuzo ar’ iyera, n’irobe ni ko rimeze; kandi kw igishitsi ar’ icera, n’amashami ni kw ameze.


Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance.


Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.


kuk’ ubgabo bābiriye abageni bo muri bo, bakabashingira n’abahungu babo, bigatuma uruvyaro rwera rusukirana n’urw’ abantu bo mur’ ibi bihugu; mber’ abakuru n’abashingantahe ni bo babaye aba mbere mur’ ico gicumuro.


abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidondora ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu?


Arik’ umupfakazi, cank’ uwirukanywe, cank’ uwamaze kwononekara, canke maraya, ntaz’ agire uwo yābīra muri bo, atar’ inkumi yirongoreye yo mu bgoko bgabo,


Uhoraho abarira Mose,


mugahava musaba abageni babo mukabaha abahungu banyu, abo bakobga babo bagahava bahurumbira ibigirwamana vyabo mu bumaka bgabo, bagakwegera abahungu banyu, na bo bagahinduka ibimaka vyavyo.


ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.


Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


bigatuma babacumuza, bikabazanira gutsindwa, iyo hagize abarya ku vyejejwe vyabo: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite