14 Arik’ umupfakazi, cank’ uwirukanywe, cank’ uwamaze kwononekara, canke maraya, ntaz’ agire uwo yābīra muri bo, atar’ inkumi yirongoreye yo mu bgoko bgabo,
Ntihaze hagire uwābira maraya muri bo, cank’ uwamaze kwononekara, kandi ntihagire uwābīra uwirukanywe n’umugabo wiwe: kuk’ umuherezi ar’ uwera kuri jewe, Imana yiwe.
Kandi ntibaze bacūre abapfakazi, canke ngo bābīre uwirukanywe: ariko baze basabe inkumi zo mu ruvyaro rw’inzu ya Isirayeli, canke se baze bacūre umupfakazi yapfakaye mu baherezi.
Kand’ uwo azokwābīra az’ abe inkumi yirongoreye.
kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.
Ni yamara kuva mur’ urwo rugo, ashobora kwābīrwa n’uwundi.