Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 21:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 ntaze yinjirire ku muvyimba n’umwe, canke ngw awiyandurishe, n’iyo woba uwa se cank’ uwa nyina;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 21:11
11 Referans Kwoze  

Iki ni co cagezwe co ku muntu aguye i we mw ihema: umuntu wese azokwinjira mur’ iryo hema, n’ūzoba yari muri ryo wese, bazoba bahumanye kumara imisi ndwi.


Ivyo ntaz’ avyiyandurishe, naho yoba ari se canke nyina, canke mukuru we canke murumuna we canke mushiki we bapfuye, kukw ikimenyetso co kunyiyegurira jewe Imana kiri ku mutwe wiwe.


Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite