Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 20:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 20:9
17 Referans Kwoze  

Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Kuko Mose yavuze, ati Wubahe so na nyoko: kand’ at’ Ūtutse se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa.


Ūvuma se canke nyina Itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.


kugira ngw asubirizwe mu nkōko agatikizo yatikije bene Yerubayali mirongwirindwi, kandi ngw amaraso yabo akore Abimeleki nyene kubica, akore n’abantu b’i Shekemu bāfatanije na we aho yica bene se.


Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.


Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.


Mugabo, ūzotirimuka akava mu nzu yawe agasohoka, amaraso yiwe ni we azosubirako, natwe tweho tuzocuna; arik’ umuntu wese azoba kumwe nawe mu nzu, akagira ic’ aba, amaraso yiwe ni twebge azosubirako.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite