Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 20:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi muze mwitondere amabgirizwa yanje, muyashitse: jewe Uhoraho ni jewe mbeza.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 20:8
19 Referans Kwoze  

ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza.


Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.


Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.


Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.


Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.


Nuk’ ūzorenga ibgirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bgami bgo mw ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’ ūyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bgami bgo mw ijuru.


Maz’ amahanga azomenya yukw ari jewe Uhoraho nēza Abisirayeli, igihe ahēra hanje hazoba hagati muri bo gushitsa ibihe bitazoshira.


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho.


Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu?


Muze mwitondere ivyagezwe vyanje. Ntihaze hagire ūbangurira ivy’ atunze ivyo bidahwanije ubgoko; canke ngo hagire ūsukiranya imbuto z’imiryango ibiri mu ndimiro yiwe; canke ngo hagire uwambara impuzu ijishwe mu nyuzi z’ubgoko bubiri.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite