Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 20:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 20:3
16 Referans Kwoze  

Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.


Arik’ umuntu azoba ahumanye, ntiyihumanuze, uwo muntu az’ acibge mw ishengero, kukw azoba ahumanije Ahēra hanje, jewe Uhoraho; ayo mazi ahumanura kw azoba atayamijweko, azoba agihumanye.


Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.


Kukw inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, N’amatwi yiwe ari ku vyo basenga, Arikw igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi.


Arikw abantu bo mur’ ico gihugu ni birengagiza uwo muntu yashikaniye Moleki uwo mu bana biwe, ntibamwice;


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese, ntiyihumanuze, azoba ahumanije ihema ryanje, jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli. Kw azoba atāmījwekw ayo mazi ahumanura, azoba agihumanye: azoba akirik’ ubuhumane bgiwe.


Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite