Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 20:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ariko mwebge narababgiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubūki: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabatandukanije n’ayandi mahanga.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 20:24
17 Referans Kwoze  

Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.


Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho.


ndavuga, nti Nzobakūra mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadūgane mu gihugu c’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’ Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubūki.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Kuko wabarobanuye mu mahanga yose yo mw isi ngo babe ishamvu yawe, nk’uko wavugiye mu kanwa ka Mose umusavyi wawe, ewe Mwami Uhoraho, igihe wakūra ba sogokuruza muri Egiputa.


Kuko nababonye mpagaze hejuru ku bitandara, Nkabitegereza mpagaze ku misozi. Rāba, n’ihanga ryībēra ukwaryo, Ritīharūra mu yandi mahanga.


muje mur’ ico gihugu gitemba amata n’ ubūki. Ariko jeho sindūgana namwe, ngo ngendere hagati muri mwebge; kuko mur’ ihanga ritagonda izosi: nohava mbatikiriza mu nzira.


Nuko rer’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi, ico yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubūki, muze mwame mwitondera uyo muhango mur’ uku kwezi, iyo gutashe hose.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.


Uhoraho abarira Mose, ati N’ugende, uve ino, mwe n’ abantu wakūye mu gihugu ca Egiputa, mudūge muje mu gihugu narahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzogiha uruvyaro rwabo.


ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite