19 Kandi ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo canke inasenge: ūzokora artyo azoba yambitse ubusa bene wabo: bazogībgako n’ukugabitanya kwabo.
Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho.
Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.