Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 20:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 20:17
8 Referans Kwoze  

Ntihaze hagire uwambika ubusa mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina, ar’ uwo bavukana cank’ ar’ umuzanano: ntihaze hagire ūmwambika ubusa.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.


Na we aramwishura, at’ Oyaye, mwana wa data, reka kunyambika ibara, kuko ben’ ivyo bidakwiye gukorwa mu Bisirayeli; reka gukora ikizira nk’ico.


Kandi koko ni mushikanje: ni mwene data ariko si mwene mama, maze namugize umugore wanje.


Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.


Uwo mugabo azoba atsinze ntazoba yaragabitanije, uwo mugore ni we azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite