15 Umuntu ni yaryamana n’igitungano, ntaz’ abure kwicwa; na nya gitungano na co mucice.
Ntihaze hagire ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose, ngw aciyandurishe; kandi ntihaze hagire umugore cank’ umukobga ahagarara imbere y’igitungano ngw aryamane na co: ivyo vyoba ar’ukuvanga ibidahwanye.
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
Ūzoryamana n’igitungano ntaz’ abure kwicwa.
Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.